Impunzi z'abanyarwanda zo mw'ikambi ya Nakivale ,mu gihugu ca Ouganda zatanguye gutahukanwa mu Rwanda . Iza mbere 82 ,mu zigera ku bihumbi 20 ,zahungiye muri iyo kambi mu mwaka w'1994 ,zuriye imiduga 6 ya HCR zijanwa mu Rwanda . Ivyo bikaba bikurikiye umwumvikano umukuru wigihugu ca Ouganda Yoweri Museveni yumvikanye na mugenzi wiwe w'u Rwanda Paul Kagame ,igihe aheruka kugendera Ouganda . Ico gihe bapfunditse ko impunzi zose z'u Rwanda ziri ku butaka bwa Ouganda zoba zasubiye mu Rwanda imbere y'italiki 31 z'ukwezi kw'indwi kuza Izo mpunzi zitanguye kuja mu Rwanda zigiye ku gushaka kwazo ,mu gihe hari iziriko zirakwepa zihunga ikambi zitinya ko ngo zishobora gutahukanwa ku nguvu . Izifata ayandi mayira zinyegeza hagati muri Ouganda ,izindi nazo zigakatira muri Tanzaniya
SOURCE-BBC | ||||
0 comments:
Post a Comment