| Miss Swisse Romande, Liliane Murenzi |
Liliane avuka kuri se w'Umunyarwanda na nyina w'umunya Swissekazi, akaba yagiye muri Swisse akiri umwana mutoyi cane.
Ivyo vyatumye yibagira ururimi rw'ikinyarwanda, ku buryo Felin Gakwaya wa BBC yamusavye kuvuga ikinyarwanda agashobora kuramukanya gusa.
Naho avuga yuko yiyumva nk'umunya Swissekazi gusumvya uko yiyumva nk' Umunyarwandakazi, yavuze ko akunda u Rwanda kuko afise ubwenegihugu bwaho.
| Liliane avuga ko yiyumva nk'umunya Swissekazi gusumvya uko yiyumva nk' Umunyarwandakazi |
Liliane yatsinze iri higanwa ryari ryitabwe n'abigeme cumi na batanu, bukaba bwari ubwa mbere agiye mw'ihiganwa ry'ubwiza.
Uyu mukobwa w'imyaka 24, avuga yuko ata rindi banga yakoresheje kugira atsinde atari uko ari mwiza gusa.
Ngo ashaka kuzokoresha aya mahirwe mu gufasha abana bagwaye ingwara zidakira kuko ngo bimushika ku mutima.
Mu buzima busanzwe Liliane Murenzi yahora acapa imideri ikoreshwa n'abahingura impuzu zigezweho aho muri Swisse.
source-BBC
0 comments:
Post a Comment