| | |
| Ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu Human Rights Watch |
Mw'ikete ryandikiwe umushinjacaha wa sentare mpanavyaha mpuzamakungu yashiriweko u Rwanda (TPIR), HRW ivuga yuko umwanya uriko uramuherana.
Umushinjacaha Hassan Jallo avuga yuko yagize ibishoboka vyose mu gutohoza ubwicanyi bwagizwe n'impande zose mu makuba yo mu Rwanda mu 1994.
Iryo kete ariko rivuga yuko umushinjacaha yashikanye imbere y'ubutungane abari inyuma ya genoside yo mu Rwanda, ariko ngo yananiwe gukurikirana abo muri FPR bagirizwa ubwicanyi.
HRW ivuga yuko FPR yagirizwa kuba yarishe abantu bari hagari y'ibihumbi mirongo ibiri na bitanu n'ibihumbi mirongo ine na bitanu mu mezi atatu.
| | |
| Bwana Jallow yabariye BBC ko ataco afise avuga kw'ikete rya HRW |
Umwe mu bakuru ba HRW, Kenneth Roth avuga yuko ukunanirwa kw'umushinjacaha wa TPIR mu gukurikirana intwazangabo za FPR zagirizwa ivyaha, bimuhesha izina ribi co kimwe na sentare yose.
Ngo naho sentare yagize itohoza ku vyaha vya FPR ikiringo kirenga imyaka cumi kandi ikaba yaratororokanije ibimenyetso hamwe n'ivyabona, ngo bwana Jallow yabwiye umugwi w'umutekano wa ONU ko ata birego biteguye afise.
BBC yagerageje kubaza umushinjacaha Hassan Jalow ica avuga kuri iryo kete, avuga ko ataco avuga kiretse ko nawe yandikiye Human Rights Watch ayiha inyushu.
Source-BBC
0 comments:
Post a Comment