Bang Media

Urukundo

Baza Shangazi

Shakisha ku Urwego.com

FDLR I BURUNDI

AbaFDLR batangiye guhungira mu Kibira mu Burundi
burundi, fdlr, kibira
Mu burundi umushikiranganji wo kwivuna abansi n’abasubijwe mu buzima busanzwe yatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru, aho yavuze ko hoba hari bamwe mu nterahamwe n’abahoze ari abasirikare b’Urwanda batanguye kwinjira mu Burundi.

Yamenyesheje rero ko abasirikare bari mu gikorwa co kubarondera kandi ko bishoboka ko mu misi iza bashobora gufashanya n’ibindi bihugu bibanyi mu kurondera abo barwanyi.

Lit.General Niyoyankana

Muri ico kiganiro cari kigenewe abamenyeshamakuru, umushikiranganji wo kwivuna abansi Lt Gen Germain Niyoyankana yemeje inkuru zari zimaze imisi zivugwa ko hari bamwe mu barwanyi ba FDLR bamaze kwinjira ku butaka bw’Uburundi, ariko ata n’umwe barafata.


Lt Gen Niyoyankana yemeje ko mu gihe vyokenerwa, ata cobuza ko bafashanya n’Urwanda hamwe na Congo mu guhiga abo barwanyi.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi yatanze impanuro ku basubijwe mu buzima busanzwe bakoreshwa n’abanyepolitike ko bokubita amaso I bweru bakibuka ubwenge, aranakubitira akagohe abasirikare bivanga muri politike ko bibujijwe n’amategeko.


SOURCE-BBC


Related Posts by Categories



0 comments:

Post a Comment