
Mu Burundi, igihugu cose uno munsi ciriwe mu birori vyo guhimbaza imyaka 47 irangiye kironse intahe yom kwikukira.
Ku murwa mukuru Bujumbura nihom habereye ibirori nyamukuru vyari birongowe n’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yari yaronse n’abashitsi baje bava mu Rwanda no muri Zanzibar.
Kw’ibarabara ryitiriwe ukwikurira , imbere y’ikibuga c’inkino citiriwe uwarondeye iyo ntahe Louis Rwagasore, Defile y’abasirikare n’abaplisi niyo yafashe umwanya munini muri ivyo birori vyamnaze amasaha arenga ane. Abapolisi bari baronkejwe umwambaro mushasha m,u gihe bahora bidoga ko uwo bahorana wacuya ningoga kandi utari ufise ibikwiye mu biranga umupolisi.
Kuva intambara yaduka mu Burundi mu 1993, bwabye ubwa mbere abo basirikare n’abapolisi bahimbaza ibirori nk’ivyo ata murwi n’unwe urwanya leta ukivurwa, uwanyuma ukaba wabaye FNL yabishize hasi mu kwezi kwa kane guheze, umukuru wawo Agathon Rwasa uno munsi akaba yari yicaye mu bwugamwo bw’iteka hamwe n’abandi banyacubahiro. Presida NKuruniziza akubitiye kuri iyo ntanbwe uburundi bugezeko , ati abarundi n’abagabo.
N’aho ijambo nyamkuru yari yaraye barishikirije, Presida Nkurunziza yasubiye gushimikira cane ku kibazo co gukomeza amahoro igihugu cashikiriye hasesetse amaraso menshi kandi hononekaye vyinshi. Aha akagabisha uwoba ataharonkeye icigwa yohava arondera gusubira kuyahungabaya
Urwibutso rwo kwikukira
Mu bashitsi bavuye hanze baza kwifatanya n’abarundi muri ivyo birori harimwo umukuru w’izinga rya Zanzibar Abedi Karume yari kumwe n’umpfasoni wiwe, hari kandi n’umukuru w’inama nkenguzamateka y’urwanda Vincent Biruta. mu majambo bashikirije Bompi bashimikye ku bikorwa vyo guhangana n’ibibazo bisgaye biremereye uburundi, akarere mbere na Africa muri Rusangi.
Uwundi yari yitavye ivyo birori ava hanze yari uwaje aserukira Agakan Foundation rigiye kuzana imitahe mu Burundi mu bikorwa bitandukanye harimwo guteza imbere igisata co kwakira ingenzi.
Urukundo
Baza Shangazi
Shakisha ku Urwego.com
U Burundi Bwizihije Imyaka 47 Bwigenze
Subscribe to:
Post Comments (Atom)
0 comments:
Post a Comment