Bang Media

Urukundo

Baza Shangazi

Shakisha ku Urwego.com

Michael Jackson,Umwami wa Hi Pop Yitabye Imana

Michael Jackson
Michael Jackson
Mu gihe haciye umunsi umwe Michael Jackson aryamiye ukuboko kw'abagabo vya giturumbuka abaganga baracarondera icamuhitanye

Jackson yanyarukanywe kwa muganga ahejeje kugwa bwa giti muhira iwe mu muji wa California.

Abajejwe gutohoza icamwishe bavuga yuko bishobora gutwara hagati y'indwi zitandatu n'umunani kugira bemeze icamuhitanye.


Michael Jackson yaguye bwa giti muhira iwe i California

Incuti ziwe n'abo bakorana bavuga yuko bari batewe impungenge n'imiti yafata imugabaniriza ububabare.

Ubutumwa bwo kumushima bwavuye hirya no hino kw'isi, uwahoze mu mugwi Beatles, Paul McCartney yavuze yuko Jackson yari "umuhungu-mugabo" afise impano nyinshi.

Ngo yari afise umutima mwiza kandi ngo umuziki wiwe uzokwibukwa ibihe bidahera kw'isi yose.


Paul McCartney: Indirimbo za Jackson zizokwibukwa ibihe bidahera

Amajana y'abantu bamukunda bagize ikigandaro hanze y'ibitaro yajanywemwo ahejeje gufatwa n'ingwara y'umutima ari muhira iwe.

Aho amakuru y'urupfu rwiwe yamenyekana, television zo mu Buyapani, mu Buhindi na Ostraliya zaciye zihindura ibiganiro vyazo.

Abajejwe imihora ya Internet bavuze yuko imbuga zuzuranye abantu bahanahana amakuru y'urupfu rwa Jackson banashaka kumenya ibishasha.

Michael Jackson apfuye hasigaye indwi nkeyi ngo aremeshe ibiteramo bikomeye; ariko naho yagurishije amamiriyoni y'inkurikirane z'indirimbo, apfuye yari afise amadeni menshi.

Apfuye afise imyaka mirongo itanu, akaba asize abana batatu yavyaye ku bagore babiri.


Related Posts by Categories



0 comments:

Post a Comment