| Umukuru w'inama nkenguzamateka y'u Burundi, Gervais Rufyikiri |
Inama nkenguzamateka yanse integuro y'itegeko yasaba guhanisha igipfungo abahuza ibitsina babisangiye.
Abakenguza mateka mirongitatu na batandatu kuri mirongine na batatu, banse integuro y'itegeko yasaba gupfunga abo bantu gushika ku myaka itatu.
Ivyatumye iyo nteguro y'itegeko yankwa ni vyinshi, muri vyo harimwo yuko ryateguwe nabi mu gihe ridatomora neza ibihanwa ivyo arivyo.
Abakenguza mateka basanze kandi mu gihe iryo tegeko ryotorwa, vyotuma haba imigambi myinshi ica ibura imfashanyo kuko abafasha bavuga ko rihonyora agateka k'ikiremwamuntu.
Iryo tegeko ryasaba ko abafashwe bahuje ibitsina babisangiye canke aberekana inyifato nk'iyo, bopfungwa gushika ku myaka itatu.
| Mu Burundi abahuza ibitsina babisangiye bari batanguye kuja ahabona |
Amashirahamwe y'agateka k'ikiremwa muntu yari yiyamirije iyo nteguro y'itegeko, Human Rights Watch ikaba yarandikiye umukuru w'igihugu hamwe n'inama nkenguza mateka, isaba ko iryo tegeko ritokwemezwa.
Abahuza ibitsina babisangiye, bari batanguye kuja ahabona mu Burundi bakaba mbere banafise ishirahamwe ribaserukira.
Ibiganiro nk'icaciye kuri BBC Gahuzamiryango, vyaratumye benshi bamenya ko mu Burundi abantu nk'abo bariho, naho vyateye umwidogo ku baharanira imico kama hamwe n'amadini.
Inama nkenguzamateka ariko yemeje izindi ngingo zose ziri muri iyo nteguro, harimwo gukurako burundu igihano co gupfa mu Burundi.
Iyo nteguro yasubijwe mu nama nshingamateka ngo isubire kwigigwayo.
0 comments:
Post a Comment