Alison Des Forges yaritavye imana | |||||
Alison Des Forges, umupfasoni w'umunya Amerika, karuhariwe mu kwiga ikibazo c'itsembabwoko mu Rwanda yaritavye imana azize isanganya ry'indege. Alison Des Forges, yari umuhanuzi mukuru ajejwe igisata ca Afrika mu vyerekeye ugusonera uburenganzira bw'ikiremwa muntu. Des Forges, yari umwe mu bihangange vy'abanonosoye ivyerekeye itsembabwoko ryo mu Rwanda ,mbere yari amaze kuja i Arusha kuri ya sentare yashingigwa u Rwanda ,kuba icabona mu manza 11 zirega abakoze ubwicanyi bwo mu 1994 mu Rwanda. Mu mwaka w'1999 yaranabironkeye agashimwe bise Mac Arthur Fellow. Nyakwigendera Des Forges yari atahutse muri Amerika inyuma y'urugendo yari avuyemwo i Bulaya ,aho yari avuye gucira ku mayange abaserukira ibihugu vyabo mu makungu, ku ko ibintu vyifashe mu karere k'ibiyaga binini. Yari agiye iwe, kw'isabukuru ry'imyaka 58 umugabo wiwe amaze y'amavuka. Indwi y'imbere y'uko yitaba imana, uwo mupfasoni yari yagiye i La Maison Blanche kubonana n'umukuru mushasha wa Amerika Barack Obama aho bavugana uko ikibazo c'ukugwanya iterabwoba kimeze. Yatereye uruzogi i Schenectady i New York mu mwaka wa 1942 . Des Forges asize umugabo, umukobwa n'umuhungu n'abuzukuru batatu. | |||||
0 comments:
Post a Comment