![]() |
| Sekreteri John Kerry na Ministre w'imigenderanire w'Uburusiya Sergei Lavrov bahejeje gushikiriza ikiganiro abanyamakuru. |
Inyuma yuko Reta ya Siriya itangarije ivyo, umuhari wa Hezbollah, urwana k’uruhande rwa Assad nawo nyene waciye utangaza ko uzokwubahiriza ayo masezerano ariko ko uzokwivuna mugihe woterwa.
Abandi bemeye kuzokwubahiriza ayo masezerano ni Turukiya, yari yararungitse abasirikare bayo muri Siriya mu kwezi guheze.
Ayo masezerano yatangajwe na sekreteri wa reta wa Amerika John Kerry n’umushikiranganji w’Uburusiya w’imigenderanire n’ayandi makungu Sergei Lavrov I Geneve kur’uyu wa gatandatu.
Eka n’abarwanya reta ya Siriya bemeye kuzoyubahiriza ariko bagumanye amakenga ko Uburusiya na reta ya Assad bashobora kutayubahiriza.
John Kerry yatangaje ko mugihe ayo masezerano yorama, ashobora gushikana Siriya ku kwumvikana kuri reta mfatakibanza izotuma imihari y’iterabwoba itaronka aho imenera.
VOA

0 comments:
Post a Comment