Bang Media

Urukundo

Baza Shangazi

Shakisha ku Urwego.com

VOA News: Ibirimwo: Indege za Kajugujugu Zarateye Ibibanza vy’Abagwanya Ubutegetsi bwa Congo

VOA News: Ibirimwo
Ibirimwo Ijwi rya Amerika
Indege za Kajugujugu Zarateye Ibibanza vy'Abagwanya Ubutegetsi bwa Congo
Jul 13th 2012, 01:18

Indege za kajugujugu z'ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, zarateye ibiba nza vy'umugwi ugwanya ubutegetsi bwa Congo, M23 mu buseruko bw'igihugu.

Umuvugizi wa Republika iharanira Demokrasi ya Congo, Lambert Mende yabwiye Ijwi rya Amerika ko hari abahasize agatwe abandi barakomereka mu kurasana kwabaye ejo ku musi wa kane.

Mende avuga umugwi M23 warashe mu mihana y'ahitwa Runiga, bica abantu batatu bifatiye ku nkuru bafise. Amenyesha kw'igisirikare cabo categerejwe kwishura kubera categerezwa gukingira abasivile.

Mu gihugu ca Ethiopia, Republika iharanira demokrasi ya Congo n'ibindi bihugu vyo muri Afrika yo hagati vyaremeye gukra kugira bizimanganye umugwi M23 n'iyindi migwi igwanya ubutegetsi mu buseruko bwa Congo.

Urwanda narwo nyene rwatangaje ko rwemeye kwongereza igenzurwa ry'urubibe ryayo na Congo.

 

You are receiving this email because you subscribed to this feed at blogtrottr.com.

If you no longer wish to receive these emails, you can unsubscribe from this feed, or manage all your subscriptions

Related Posts by Categories



0 comments:

Post a Comment