Bang Media

Urukundo

Baza Shangazi

Shakisha ku Urwego.com

VOA News: Ibirimwo: Ibitero vy’Inteko za Reta ya Syria Vyariyongeye mu Gisagara ca Aleppo muri Syria

VOA News: Ibirimwo
Ibirimwo Ijwi rya Amerika
Ibitero vy'Inteko za Reta ya Syria Vyariyongeye mu Gisagara ca Aleppo muri Syria
Jul 29th 2012, 02:22

Ivya muzinga na za mortiers vyarasanye mu gisagara ca Aleppo, mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu ca Syria ejo ku musi wa gatandatu mu gihe inteko zijejwe umutekano za Reta ya Syria zongereza ibitero vyazo mu bibanza vy'abagwanya ubutegetsi.

Abagwanya Reta ya Syria batangaje kw'inteko za Reta zikoresheje ibimodoka vya blinde n'indege za kajugujugu z'ingwano zarashe mu bice vy'igisagara ca Aleppo vyiziziwe n'abagwanya Reta.

Ishirahamwe riraharanira agateka ka muntu mu gihugu ca Syria, The Syrian Observatory for Human Rights, ryatangaje kw'abantu mirongo ibiri n'icenda canke barenga bishwe mu mugumuko wabereye mu gice kigirirwamwo imirimo y'ubudandaji mu gisagara ca Aleppo . Iryo shirahamwe riharanira agateka ka muntu muri Syria rifise icicaro mu gihugu c'Ubwongereza ryamenyesheje kw'abantu mirongo icenda bapfuye mu mugumuko w'abiyamiriza Reta mu gihugu ca Syria.

Ubufransa n'Uburusiya vyarerekanye amakenga ejo ku musi wa gatandatu ku bwicanyi butera bwiyongera mu gihugu ca Syria.

You are receiving this email because you subscribed to this feed at blogtrottr.com.

If you no longer wish to receive these emails, you can unsubscribe from this feed, or manage all your subscriptions

Related Posts by Categories



0 comments:

Post a Comment