Bang Media

Urukundo

Baza Shangazi

Shakisha ku Urwego.com

VOA News: Ibirimwo: Prezida wa Somalia, Sheikh Sharif Sheikh Ahmed Yararusimye kw’Igeragezwa ry’Ukumugandagura

VOA News: Ibirimwo
Ibirimwo Ijwi rya Amerika
Prezida wa Somalia, Sheikh Sharif Sheikh Ahmed Yararusimye kw'Igeragezwa ry'Ukumugandagura
May 30th 2012, 03:26

Abantu bitwaje ibigwanisho bararashe ku modoka zari ziherekeje prezida Sheikh Ahmed mu karere ka Alamada, hafi y'ibilometero cumi na bitanu, mu burengero bw'umurwa mukuru wa Somalia, Mogadisho. Yari avuye mu rugendo mu gisagara ca Afgoye, inteko z'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika n'inteko za Reta ya Somalia, zatujijemwo umugwi al-Shabab, ku musi wa mbere.

Seynab Abukar, umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika, muri Service y'igi Somali, yari muri izo modoka zari ziherekeje prezida Sheikh Ahmed, yatangaje ko prezida Sheikh Ahmed ataco yabaye, yamara uwukingira ubuzima bwiwe yarishwe, abandi bantu indwi barakomereka.

Umugwi al-Shabab wariyitiriye ico gitero. Abategetsi batangaza ko bahagaritse abandi bantu bane bikekwa.

Abukar yamenyesheje kw'imodoka zari ziherekeje prezida Sheikh Ahmed, zashoboye gushika amahoro mu gisagara ca Afgoye, mu bwabaye ubwa mbere mu kiringo c'imyaka itandatu.

Media files:
Somali-President-Sheikh-Sharif-300X300.jpg (image/jpeg, 0.1 MB)
You are receiving this email because you subscribed to this feed at blogtrottr.com.

If you no longer wish to receive these emails, you can unsubscribe from this feed, or manage all your subscriptions

Related Posts by Categories



0 comments:

Post a Comment