Bang Media

Urukundo

Baza Shangazi

Shakisha ku Urwego.com

VOA News: Ibirimwo: Bombe Yaraturitse Ejo mu Gisagara ca Nairobi

VOA News: Ibirimwo
Ibirimwo Ijwi rya Amerika
Bombe Yaraturitse Ejo mu Gisagara ca Nairobi
May 29th 2012, 03:23

Igipilisi mu gihugu ca Kenya catangaje ko cemera kw'atari ikibazo c'umuyagankuba, kw'ari bombe yaturitse ejo ku musi wa mbere hagati mu gisagara ca Nairobi, igakomeretsa abantu mirongo itatu na batatu.

Umukuru w'igipolisi ca Kenya yari yatangaje mu ntango kw'ivyo vyari vyatewe n'ikibazo c'ukudakora neza kw'umuyagankuba.

Yamara Isosiyete y'umuyagankuba mu gihugu ca Kenya yavuze kw'ivyo bidashoboka.  Ivyabona batari musi ya babiri babwiye itororokanirizo ry'amakuru ry'Abanyamerika, Associated Press, kw'umuntu afise ubwanwa bwinshi yasize isaho mu kibanza abantu bagurishirizamwo ibidandazwa mw'isoko imbere yuko azimangana.

Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Kenya, Raila Odinga yavuzeko ico cari igikorwa c'iterabwoba. Akaba yavuze kw'igihugu ca Kenya kigeramiwe ngo yamara ntikizocika inkokora.

Umugwi w'intagondwa z'aba Islamu, al-Shabab waragabishije ibitero mu gihugu ca Kenya. Abategetsi b'igihugu ca Kenya bagiriza uwo mugwi ku bitero bitari bike vy'amagrenade vyabaye imbere yaho.

You are receiving this email because you subscribed to this feed at blogtrottr.com.

If you no longer wish to receive these emails, you can unsubscribe from this feed, or manage all your subscriptions

Related Posts by Categories



0 comments:

Post a Comment