Bang Media

Urukundo

Baza Shangazi

Shakisha ku Urwego.com

VOA News: Ibirimwo: Intagondwa z’Aba Islamu mu Buraruko bwa Mali Zirageramiye Umutekano muri Afrika no mu Makungu.

VOA News: Ibirimwo
Ibirimwo Ijwi rya Amerika
Intagondwa z'Aba Islamu mu Buraruko bwa Mali Zirageramiye Umutekano muri Afrika no mu Makungu.
Jul 15th 2012, 03:42

Ubwoba bwuko intagondwa z'aba Islamu mu buraruko bw'igihugu ca Mali bashobora kugeramira umutekano mu karere kose buriko buriyongera.

Abagize urwego rw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika rujejwe amahoro n'umutekano babonaniye ku murwa mukuru w'igihugu ca Ethiopia, Addis Abeba, ejo ku musi wa gatandatu baragabishije kw'intagondwa z'aba Islamu  harimwo umugwi al-Qaida bariko barondera ikibanza gishasha ku bikorwa vyabo.

Jean Ping ayoboye sihirahamwe ry'ibihugu vya Afrika, yavuzeko uko ibintu vyifashe mu gihugu ca Mali ari kimwe mu bibazo bikomeye cane akarere ka Afrika gahanganye navyo.

Umukuru w'urwego rujejwe amahoro n'umutekano rw'ishirahamwe rya Afrika, Ramtane Lamamra, yavuze ugukomera kw'abagira iteraboba n'iyindi migwi y'inkozi z'ikibi mu karere ko mu buraruko bw'igihugu ca Mali bigeramiye bikomeye amahoro mu makungu.

Ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika ririko rikorana n'ishirahamwe ry'ugufashanya mu vy'ubutunzi ry'ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, C-E-D-E-A-O,  mu gufasha Reta nfatakibanza y'igihugu ca Mali yashizweho inyuma ya coup d'etat yo kw'italiki 22 z'ukwezi kwa gatatu, n'ukuganira uburyo bw'uguhangana n'umugumuko w'intagondwa z'aba Islamu.

You are receiving this email because you subscribed to this feed at blogtrottr.com.

If you no longer wish to receive these emails, you can unsubscribe from this feed, or manage all your subscriptions

Related Posts by Categories



0 comments:

Post a Comment