Bang Media

Urukundo

Baza Shangazi

Shakisha ku Urwego.com

VOA News: Ibirimwo: Sudan Izokura Inteko Zayo mu Ntara ya Abyei

VOA News: Ibirimwo
Ibirimwo Ijwi rya Amerika
Sudan Izokura Inteko Zayo mu Ntara ya Abyei
May 29th 2012, 04:13

Igihugu ca Sudani catangaje ko kizokura inteko zaco mu ntara yimbura ibitoro ya Abyei, umusi umwe imbere yuko ibiganiro bikomeye na Sudani yo mu bumabuko yiyitirira iyo ntara biba.

Ivyo umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw'igihugu ca Sudani, Alsawarmi Khalid Saad yabitangaje ejo ku musi wa mbere.

Bitegekanijwe inteko za Sudani ziva muri ako karere uno musi ku wa kabiri.

Imbere yaho, Sudani yo mu bumanuko yagirije Sudani ko yagize ibitero vy'amabombe yongera irasa vya muzinga mu bice vyo mu ntara ya Bahr el Gazal, yongera irungika indege 'zingwano hejuru y'umurwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Juba.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw'igihugu ca Sudani bwarahakanye ivyo vyagirizo.

Bitegekanijwe kw'ibiganiro bitangura uno musi ku wa kabiri ku murwa mukuru w'igihugu ca Ethiopia, Addis Abeba, bihagarikiwe n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika.

Ibiganiro biheruka vyarasambutse mu kwezi kwa kane kubera ingwano yadutse ku rubibe rutandukanya Sudani na Sudani yo mu bumanuko.

You are receiving this email because you subscribed to this feed at blogtrottr.com.

If you no longer wish to receive these emails, you can unsubscribe from this feed, or manage all your subscriptions

Related Posts by Categories



0 comments:

Post a Comment