| FDLR, |
Aba bantu bararegwa kubangamira amahoro muri Congo, kugirira abagore ibyampfura mbi muri Congo, gushyira abana mu gisirikare, hamwe rero n'uruhare bagize mw'itsembabwo ryo mu Rwanda.
Abo banyarwanda 5 bo mu mutwe wa FDLR ni
-Sylvestre Mudacumura-
Callixte Mbarushimana
-Pacifique Ntawunguka
-Leopold Mujambere na
-stanislas Nzeyomana .
Abo banyarwanda uko ari batanu bahanwa N'itegeko ryo mu nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi, ryashizweho mu mwaka w'2006 ryerekeye gufata abakuru bo mu gihugu ca Congo ,canke ingabo mvamakungu ziri muri Congo, abo bose bakaba bari mu ngwano itarangira yo muri Congo- Kinshasa .
Igisata c'ubutunzi co muri uwo muryango ,casavye ko hafatwa itunga iryariryo ryose ry'abo bagabo batanu b'aba FDLR ngo bashobora kuba bafise mu bubiko bwo muri Leta Zunze Ubumwa za Amerika .
Ikindi ico gisata gitangaza n'uko umuryango mpuzamaku gu ONU wabashize ku rutonde rw'abo inama y'umutekano kw'isi ,ibuza kucaruka bajabukira mu mahanga ,ikongera ikabafatira itunga iyo barifise hose
0 comments:
Post a Comment