Mu Burundi abasirikare 12 baguye muri Somaliya bashinguwe n'imiryango yabo . Abasirikare 11 batewe mw'i kambi n'umutwe wo muri Somaliya wa Al Shabaab ku munsi w'imana ,ariko uwugira 12 yari yaraye yishwe n'uwo mutwe nyene Ejo kuwa mbere niho ibiziga vyose vyakigwa ku kibuga c'indege ca Bujumbura ,n'abategetsi b'u Burundi . Umushikiranganji w'ukwivuga abansi Lieutenant Col Germain Niyoyankana , atera akamo asaba abacungerezi b'umutekano b'umuryango wa Afrika ,ko ubwo bwicanyi butobaca intege . Abo basirikare baguye mu gitero ,bari mu bagira bagombogwe ngo basubire mu Burundi barangije igihe cabo ,mu gihe ababasubirira ,n'ubu baciteguye barindiriye uburyo ngo baje muri Somaliya . Kuri ubwo bwicanyi abatavuga na Leta y'u Burundi basavye ko abasirikare b'u Burundi bari muri Somaliya basubizwa mu Burundi ,kuko ngo barungitswe ata n'itegeko ryizwe n'inama nshingamateka
source-BBC | |||||
0 comments:
Post a Comment